Home ENTERTAINMENT Kanye West agiye gushir’ahabona album nshasha.

Kanye West agiye gushir’ahabona album nshasha.

160
0

Inyuma y’ikiringo kitari gito adasohora indirimbo nshasha bitumwe n’ibibazo ry’urugo n’ibindi , umuraperi wo muri Leta zunzubumwe za Amerika Kanye west ngwagiye gushir’ahabona album nshasha.

Nk’uko vyashizw’ahabona kur’uyu wa 30 Nyakanga n’urubuga rwa Facebook HipHop wave, ngo Kanye west amaze imisi akora nk’umutima kugirango bikunde arangize vuba iyo album nshasha.

HipHop wave igaruka ahanini ku bidasanzwe West yakoze mur’iyi ndwi aho ngo yoba yafashe amajwi y’indirimbo zirenga 10.

Kubw’urwo rubuga nyene, ngo Kanye west ntaratangaza igenekerezo ntabanduka iyo album yiwe izogir’ahabona. Ico yemeza ngo n’uko ari vuba cane ngo kandi izosohoka mu buryo atanumwe azoba avyiteguriye.

Kanye west aheruka guca mu bibazo vyatumye atandukana n’umukenyezi wiwe Kim Kardashian ubu akaba yubakanye na Bianca Censori.

70880cookie-checkKanye West agiye gushir’ahabona album nshasha.
Previous articleSport : Real Madrid iyoboje inkoni y’icuma Laliga.
Next articleBurundi : Akarusho kadasanzwe kagiye kuboneka kubaririmvyi