Home ENTERTAINMENT Ni bande badashakako Sat B aterimbere?

Ni bande badashakako Sat B aterimbere?

215
0

Umuririmvyi Sat B kuri uyu wagatanu igenekerezo rya 22 Nyakanga 2023 yaranditse amajambo asa nayarimwo akababaro kumbuga ngurukanabumenyi zitandukanye asanzwe akoresha.

Kurubuga rwiwe rwa Meta(Facebook) yanditse aya majambo akurikira:”Ego baransengera, bashakako mpezagirwa nkaronka ubuzima.Ariko sindabarushe ico kimwe baracanka cane”

Bizimana Aboubakar Karume amenyerewe kw’izina ry’ubuhizi nka Sat-B, ntiyagarukiye ngaho.Kurubuga rwiwe rwa X rwahoze ari twiter  yashizeko isanamu yambaye ishati yera na cravate iherekejwe n’amajambo akurikira”Niwaronka uronke ariko nturonke ngo ubarushe”.

 Imvugo zikoreshwa canecane n’abaririmvyi ziragora gutahura mugihe ataribo basiguye ico baba bashatse kuvuga.

  Umuririmvyi SatB akaba yaheruka mugihugu ca Swede aho yakoze igieramo.

70190cookie-checkNi bande badashakako Sat B aterimbere?
Previous articleUkuri kumuduga Big Fizzo yakoresheje mundirimbo Superman.
Next articleBurna Boy ati :”Sinokwigereranya na Fally Ipupa”