Home ENTERTAINMENT Burna Boy ati :”Sinokwigereranya na Fally Ipupa”

Burna Boy ati :”Sinokwigereranya na Fally Ipupa”

159
0

Aganira n’abamenyesh’amakuru mu ntango z’iyi ndwi, umuririmvyi wo mu gihugu ca Nigeria Burna Boy yagiz’ati:”Nivyo nd’umwe mu baririmvyi bo ku mugabane wa Africa batuma isi ijugumira ariko kwigereranya na Fally Ipupa kwoba ari nk’ukureng’imbibe.”

Kubwa Burna Boy;  Fally Ipupa niwe muririmvyi wenyene wo mu runganwe rwiwe yigaragaje neza kuva agishira ahabona Album yiwe yambere Droit Chemin mu mwaka wa 2006. uyo muririmvyi akabandanya abica bigacika mu gukora ibiteramomu bihugu bitandukanye aho abakunzi bakubita hakazima.

“Kuvy’ukuri Fally Ipupa n’umuririmvyi w’ibihe vyose, ndamwubaha cane!” Burna Boy nikwoyasozeye avuga.

 

70260cookie-checkBurna Boy ati :”Sinokwigereranya na Fally Ipupa”
Previous articleNi bande badashakako Sat B aterimbere?
Next articlePrimus League Burundi : Inkino z’indwi ya gatandatu zirabandanya.