Home ENTERTAINMENT SAT-B ngo yoba ariko arazamura urwaruka ruri hafi yiwe.

SAT-B ngo yoba ariko arazamura urwaruka ruri hafi yiwe.

252
0

Umuririmvyi wo muri Buja music Sat-B ngo yoba yatanze amafaranga y’amarundi agera ku miliyoni 25 ku rwaruka rumuri hafi muri timu Satura kugirango gwiyungunganye.

Nk’uko vyemezwa na rumwe mur’urwo rwaruka, Sat-B ngo yama arajw’ishinga n’ukuzamura abamuri hafi gutyo rero ngo iyo agize icaronka yitwararik’abandi aho krikumgahazako ibintu vy’agaciro nk’uko benshi mu baririmvyi kwisi babikora.

Abazi neza Sat-B bemeza ko amajambo ari mu ndirimbo yiwe Inkuru y’ukuri yatumye amenyekana ayagendera. Mur’iyo ndirimbo yagiz’ati:” Mana y’ikigongwe ico ngusavye umunsi wampaye uz’umuhe nurya adafise.

Sat-B Kandi ngo yoba ari mu baririmvyi bake mu Burundi badasuzugurana canke ngo bishire hejuru. Abavuga ivyo batang’akarorero kukugene uyo muririmvyi agendera mu modoka y’amafaranga ari mu miliyoni 10 Kandi atobura ayo kugura imodoka zizimvye.

69790cookie-checkSAT-B ngo yoba ariko arazamura urwaruka ruri hafi yiwe.
Previous article“Birateba” indirimbo nshasha ya Sat-b
Next articleBongo : Z Anto na Jay Melody bava ind’imwe.