Home ENTERTAINMENT Bongo : Z Anto na Jay Melody bava ind’imwe.

Bongo : Z Anto na Jay Melody bava ind’imwe.

211
0

Z Anto na Jay Melody n’abaririmvyi bo mu gihugu ca Tanzania. Ku bakurikirana umuziki wa Bongo Flavor ntankeka baribuka indirimbo Binti kiziwi. Iyi n’indirimbo yabiciye biracika mu myaka iheze. Yaririmbwe n’umusore w’ijwi rirongorotse cane ariwe Z Anto ,mukuru wa Jay Melody.

Burya impano mu muryango ntigirira. Inyuma yo kwibagiranwa kwa Z Anto, murumunawe Jay Melody nawe yaje kuduz’isemo ya mukuruwe muri Bongo Flavor. Uyu musore yavutse mu mwaka 1997 ari mu baririmvyi bakunzwe cane mu gihugu ca Tanzania no mu karere ka Africa y’ubuseruko muri rusangi bitewe n’ijwi ryiza afise hamwe n’ivyiyumviro vy’urukundo aririmba.

Zimwe mu ndirimbo za vuba za Jay Melody ni nka Mbali nawe imaze ukwezi kumwe gusa ikaba imaze kurabwa ku rubuga rwa You Tube n’abantu barenga umuriyoni.

Mu gihugu ca Tanzania, ivyamamare bibiri biva ind’imwe ntabwo ari Z Anto na Jay Melody gusa. Abandi twovuga ni nka Rich Mavoko (Umuririmvyi) na Tin White (Umukinyi w’amareresi) bavukana hamwe na¬† Zuchu na nyina wiwe Khadija Kopa basanzwe bakora umuziki.

Z Anto

Jay Melody

69900cookie-checkBongo : Z Anto na Jay Melody bava ind’imwe.
Previous articleSAT-B ngo yoba ariko arazamura urwaruka ruri hafi yiwe.
Next articleCanjo Amissi n’umuntu ki?