Home ENTERTAINMENT Umubabaro muri benentare inyuma yogusezererwa n´intare.

Umubabaro muri benentare inyuma yogusezererwa n´intare.

256
0

Umwe mubatihanganiye kugaragaza akababaro ni umuririmvyi Nzeyimana batazira Mkombozi.
Mubutumwa kurubuga rwiwe rwa facebook yagize ati:”Nari niteze gusekura none naraye nsekuwe”.

Murubwo butumwa uyo murimvyi arashima ukwitanga kwabakinyi ariko akavugako hari n´amakosa yakozwe.Agira ati:”Ndavye abakinyi bacu ingene bakinye neza ariko munyuma bagakora amakosa n´umufana atokora”.

Mkombozi Lucifer abonako n´izina ry´umurwi nserukira gihugu kumbure atanguvu rifise akabona ko ryohindurwa.Abandanya ati:”umurwi nserukiragihugu (Intamba) ukinamwo Benentare kuki utokwitwa Intare zo kwa Ntare?”.

Kubwuyo muririmvyi w´umudiho wa Rap ngo uwomuhitishamwo mu mazina y´inyoni hagati y´intamba n´inkona yohitamwo izina inkona.
Arangiza ubutumwa bwiwe asaba abamurusha ngo kumuha insiguro yamahitamwo y´izina intamba.
Kubwiwe ngo kiretse ukunyaruka intamba atakindi kintu izwiko

69460cookie-checkUmubabaro muri benentare inyuma yogusezererwa n´intare.
Previous articleIntamba zigatsinda, umukinyi umwe ahabwa imiliyoni 15
Next articleKwonsa umugabo wanje kurushirizaho kutunywanisha