Home ENTERTAINMENT Kwonsa umugabo wanje kurushirizaho kutunywanisha

Kwonsa umugabo wanje kurushirizaho kutunywanisha

346
0

Rachel Bailey w’imyaka 30 aba i Florida muri Reta zunzubumwe za Amerika yemezako yonsa umugabo wiwe.

Nk’uko yabitangarije ku mbuga ngurukanabumenyi zitandukanye mu ntango z’ino ndwi aho n’abamuzi bamushingir’intahe kwar’ukuri, uyo mu kenyezi w’abana 3 yemeza ko kuva mu mwaka wa 2016 adahengeshanya kwonsa umugabo wiwe Alexander. Muti vyaje gute?

Ngw’igihe yonsa umwana wiwe wa mbere, be n’umugabo barafashe urugendo hama Rachel ntiyatwarana umwana. Bageze iyo baja amaberebere amubana menshi yibaza uwuyonka bivanye n’uko atanigikoresho co kuyakamiramwo yari yitwaje. Niho ngo yaba nk’uwutebura na Alexander yibaza uko abikika kuko amabere yarushirizaho kuvyimba. Alexander utanka ati:”reka ndayonke!”.
Nk’ugufyina Rachel ati:”Niwonke!”.

Niho ku ncuro yiwe ya mbere yonka amaberebere y’umugore we kugirango arabe ko yomuremururira.

Kuv’ubwo Alexander ntiyahengeshanije kwonka nk’uko nawe nyene abishingirintahe agir’ati:”Amaberebere y’umugore wanje araryoshe, atandukanye n’amata. Ubwambere nabikoze nk’ukumuvura arik’ubu nonka kuko mbona angirira akamaro.”

Na Rachel ubwiwe ashingintahe ko kwonka vyatumye Alexander arushirizaho kugir’amagara meza n’umubiri utemb’itoto. Mu gihe benshi bibaza bati :” Mbe ntangaruka mbi vyotera Alexander?”
Rachel yishura ko umugabo wiwe atagwaragurika ahubwo arushirizaho gukomera.

Mu gihe Alexander yigeze gushika ku rugero rwo kwonka 3 ku munsi bivanye n’amaberebere menshi, Rachel avuga ko ubu umugabo wiwe yonka gake na cane cane mw’ijoro iyo baryamye bitumwe n’uko abana bariko baracuka gutyo amaberebere akaba ari make.

Abana batatu ba Rachel na Alexander bafise imyaka 7, 6 ni 2 ku muhererezi.

69520cookie-checkKwonsa umugabo wanje kurushirizaho kutunywanisha
Previous articleUmubabaro muri benentare inyuma yogusezererwa nĀ“intare.
Next articleFortran Bigirimana atagekanya gukora ibiteramo 3 muri Canada