Home ENTERTAINMENT Diamond Platnamuz abandanya akora ibitangaza mu muziki.

Diamond Platnamuz abandanya akora ibitangaza mu muziki.

332
0

Umuririmvyi Abdul Naseeb juma yamenyekanye ku mazina y´umuziki nka Diamond platnumz yaraye akoze ibisa n´ibitangaza mugiteramo wasafi Festival 2023 cariko kibera mugihugu ca Tanzania kuri uyu w´Imana

Uyo muririmvyi wa “yatapita” na”honey” ziriko zirabica bigacika yashitse aho baririmbira(stage) bamwikoreye mw´isandugu isa n´iyitwara abitavye Imana.

Bikabonekako vyari vyateguwe neza aho amatara  yari yazimijwe, abagabo bari bamwikoreye kurutugu bambaye impuzu z´ikigandaro,Eka n´ururimbo rwariko ruvuzwa rukaba rwari   rusa n´urwumubabaro.

Bashikanye iryo sandugu babaka barituye rihagaze uyo muririmvi arisokokamwo afise  microphone atangura kuririmba.Ivyo bikaba vyaratangaje cane  abakunzi buyo muririmvyi.

Nubwo biri ukwo, Diamond siwe umurimvyi wambere muri Afrika y’ubuseruko akoze ivyo.Umuririmvyi Ibraah wo mu gihugu ca Tanzaniya nyene akaba yarakoze ibisa n´ivyo mumwaka uheze ivyakozwe kandi na kaligraph Jones akomoka muri kenya mumwaka 2017

69140cookie-checkDiamond Platnamuz abandanya akora ibitangaza mu muziki.
Previous articleCristiano Ronaldo agiye guh’indaro abateshejw’izabo na nyamugigima muri Maroc
Next articleIbiteramo mu Rumonge birabandanya