Home ENTERTAINMENT Tanzania : Nay wa mitego yahagaritswe gukora ibiteramo.

Tanzania : Nay wa mitego yahagaritswe gukora ibiteramo.

382
0

Umuririmvyi Emmanuel Elibariki   azwi kw’izina rya Nay wa Mitego yugariwe n’urwego rujejwe gukurikirana impano mugihugu ca Tanzania(Basata) ,ko atazongera gukora igiteramo mur’ico gihugu bivuye kundirimbo aheruka gusohora”Amkeni”.

Nkuko bimenyeshwa n’ikinyamakuru BBC co kuruyu wa kane,ngo n’ubwo batashoboye kugatanga ikiringo  bizomara, Umucamanza w’uwo muririmvyi; Jebra kambole yemeje ko  uwo muririmvyi yagirizwa n’inzego zibiri: urwa BASATA  hamwe nurw’igipolisi. Zompi zagiriza  Nay wa Mitego indirimbo yanditse icokora uburongozi mur’ico gihugu.

Kambole amenyesha ko kuruyu wa gatatu yahamagwe kw’isigura mugipolisi. uyo mucamanza araheza arasigura igituma iyo  indirimbo bo bibaza ko irimwo amajambo abiba urwanko atar’iyubuchokoranyi.

Uretse ko Nay wa Mitego atagifise ububasha bwo gukora ibiteramo, indirimbo “Amkeni” yarugawe murico gihugu.

68890cookie-checkTanzania : Nay wa mitego yahagaritswe gukora ibiteramo.
Previous articleRumonge : Msamaria yoba agiye gushira ahabona indirimbo?
Next articleNatasha  azohiganwa muri Hiskool Award