Home ENTERTAINMENT Founder Tz yoba agiye kuboneka muri Wasafi festival

Founder Tz yoba agiye kuboneka muri Wasafi festival

221
0

Umwana w’imyaka 15 wo mw’ikambi y’impunzi ya Nyarugusu mu gihugu ca Tanzania Founder Tz ashobora kuzoba kumwe na WCB muri Wasafi festival igiye gutangura vuba.

Uyo mwana w’umuririmvyi yamuka muri Repubilika iharanir’intwaro rusangi ya Kongo amaze igihe kinini yamamaye ku mbuga ngurukanabumenyi zitandukanye bitewe n’impano idasanzwe afise mu kuririmba. Abatari bake na cane cane abaririmvyi bo mu gihugu ca Tanzania bamaze kubona impano ya Founder Tz vyaranse ko baguma mu gacerere bagirako bemeza ko uyo mwana aruwo gushigikirwa kugira ngo ashike kure.

Mur’abo biteze kumushigikira twovuga Babu Tale manager wa WCB. Nk’uko vyemezwa na Habari na matukio ku rubuga rwabo rwa Facebook, ngo Babu Tale yemereye Founder Tz kuzokwifatanya na WCB muri Wasafi festival igiye gutangura vuba ndetse amwemerera kandi kumufasha gukora indirimbo ya audio na video muri studio za Wasafi.

Uyundi yoteguye gufata mu mugongo Founder Tz n’umuririmvyi Kontawa. Uyo nawe yemeje, abicishije ku rubuga rwiwe rwa Instagram, kwamaze kuvugana n’abegereye uyo mwana kugirango amwiyegereze.

Founder Tz yakoze ku mutima wa Kontawa inyuma yo gukwiragira ku mbuga ngurukanabumenyi kw’akavideo aho uyo mwana w’umukongo aba mw’ikambi y’impunzi ya Nyarugusu mu gihugu ca Tanzania yasubiramwo neza indirimbo nka Champion na Dungamawe.

68070cookie-checkFounder Tz yoba agiye kuboneka muri Wasafi festival
Previous articleNatacha Burundi yoba yari gusa kuriyi sanamu?
Next articleMan Theo na Olegue bagiye gushirahabona indirimbo.