Home ENTERTAINMENT Man Theo na Olegue bagiye gushirahabona indirimbo.

Man Theo na Olegue bagiye gushirahabona indirimbo.

370
0

Inyuma yo kuja mw’ihiganwa rya Izere Award akegukana ikibanza ca 3, umuririmvyi wo mu ntara ya Rumonge Man Theo agiye gukoran’indirimbo na Olegue asanzwe ar’umwe mu baririmvyi baduz’ibendera ry’Uburundi.

Aganira na Zabuja.com ,Man Theo yemeje kur’uyu wa 24 Myandagaro ko abakunzi b’umuziki wo mu Rumonge bokwitega vuba indirimbo ifis’amasanamu agiye gukorana na Olegue. Man Theo kandi yongerako ko ariko igiteramo n’uwo muririmvyi ,kizoba kuwa 03 Nyakanga mu gisagara ca Magara, komine Bugarama y’intara ya Rumonge.

Man Theo ahamagarira abakunzi biwe kwicara biteguriye kwakira neza iyo indirimbo yiwe nshasha ndetse bakazosidukana n’iyonka murico giteramo.

68100cookie-checkMan Theo na Olegue bagiye gushirahabona indirimbo.
Previous articleFounder Tz yoba agiye kuboneka muri Wasafi festival
Next articleMUSIC AUDIO : Byb Bisoro – Rima