Home ENTERTAINMENT Famous yegukanye Izere Award 2023

Famous yegukanye Izere Award 2023

272
0

Iryo higanwa ry’abanyamuziki ritunganywa na Radio Izere FM yo mu ntara ya  Rumonge yarangiye kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 20 Myandagaro mu gihe ryariko rirahuza abaririmvyi 30 bava mu ntara 4 zo mu bumanuko bw’Uburundi.

Kur’uyu wa gatandatu niho igice ca kabiri gishira icanyuma caba aho abaririmvyi 15 basezerewe maze abandi 15 basigaye baronka ubirenganzira bwo gushika mu gice ca nyuma.

Umiririmvyi Famous wo mu ntara ya Rumonge niwe yegukanye igifakara v’umuriyoni w’amafaranga y’amarundi ku ndirimbo yiwe Mama Goro.

Mu kibanza ca kabiri haje Big Jay n’indirimbo yiwe Inzira, mu kibanza ca gatatu ni Man Theo n’indirimbo Uritonda mu gihe ikibanza ca kane catwawe na Ben Family ku ndirimbo Turabakumbuye.

Muri Izere Award 2023 nta mwigeme n’umwe yaronse agashimwe mu gihe abaririmvyi b’amazina bo mu ntara ya Rumonge bahabw’amahirwe bivanye n’uburambe bafise muriryo higanwa aribo Tiger Breeze na DYD Umuranga batakije umuriro.

68030cookie-checkFamous yegukanye Izere Award 2023
Previous articleAbaririmvyi bambar’amasheneti azimvye.
Next articleNatacha Burundi yoba yari gusa kuriyi sanamu?