Home ENTERTAINMENT Abaririmvyi bambar’amasheneti azimvye.

Abaririmvyi bambar’amasheneti azimvye.

227
0

Ugushaza kw’abaririmvyi guhagaze ku bintu bitandukanye; mu gihe bamwe bambara impuzu zizimvye, abandi bambar’ibirato, isaha, impeta amasheneti canke bakimosha ku giciro kinini.

Kw’isi nzima hari abaririmvyi batatu bivugwa ko bambara amasheneti y’agaciro kanini kurush’abandi nk’uko vyemezwa n’ibinyamakuru bitari bike na cane cane ivyitaho uvuzima n’ubutunzi bw’abatirimvyi kw’isi.

Uko ari batatu bose nabo muri reta zunz’ubumwe za Amerika.

Uwuza kw’isonga mu kwambara isheneti igurw’amadorari menshi ni Rick Ross. Uyu mw’izosi ryiwe atemberana isheneti y’agaciro ka moriyoni imwe n’ibice bitatu (1,3 M USD).

Mu kibanza ca kabiri haza umuririmvyi Tekashi 6ix 9ine yambara isheneti y’umuriyoni umwe w’amadorari y’abanyamerika (1 000 000 USD).

Nayo mu kibanza ca gatatu ni Lil Baby yambara isheneti y’ibihumbi amajana umunani vy’amadorari y’abanyamerika (800 000 USD)

67930cookie-checkAbaririmvyi bambar’amasheneti azimvye.
Previous articlePrimus League Burundi : Ihiganwa rya 2023-2024 riratangura.
Next articleFamous yegukanye Izere Award 2023