Home ENTERTAINMENT Ishirahamwe ry’umupila w’amaguru mu Burundi FFB ryaraye rishize ahabona ibisabwa imigwi.

Ishirahamwe ry’umupila w’amaguru mu Burundi FFB ryaraye rishize ahabona ibisabwa imigwi.

345
0

Imigwi izokwitabira ihiganwa rikuru ry’umupila w’amaguru mu Burundi Primus League Burundi 2023-2024 isabwa kuzoba ifise ibi bikurikira :

-Umugwi w’abakiri bato batarenza imyaka 15 canke bafise amasezerano yanditse n’uwundi mugwi w’abakiri bato.

-Urutonde rwemewe rwo kumenyereza abakinyi bakiri bato

-Umumenyereza mukuru ategerezwa kuba afise ni miburiburi impamyabushobozi B y’ishirahamwe ry’umupila w’amaguru muri Africa CAF

-Icegera c’Umumenyereza mukuru ategerezwa kuba afise impamyabushobozi C ya CAF

-Umugwi wose usabwa kuba ufise umuganga

-Umugwi wose usabwa kuba ufise uwujejwe kumenyesha amakuru

-Kuba umugwi ufise uwujejwe umutekano

-Umugwi utegerezwa kuba ufise Umunyamabanga mukuru

-Umugwi utegerezwa kuba ufise aho ukorera na adress ngurukanabumenyi

-Umugwi wose utegerezwa kuba ufise ikibuga c’imyimenyerezo

-Umugwi wose usabwa kuba ufise uwujejwe ubutunzi

-Umugwi utegerezwa kuba ufise amategeko yanditse kandi yemewe nk’ishirahamwe.

-Umugwi utegerezwa kuba ufise ububiko muri Banki.

65390cookie-checkIshirahamwe ry’umupila w’amaguru mu Burundi FFB ryaraye rishize ahabona ibisabwa imigwi.
Previous articleDiamond Platnumz i Vancouver
Next articleVuba Twitege bishasha vya Meili