Home ENTERTAINMENT Diamond Platnumz i Vancouver

Diamond Platnumz i Vancouver

451
0

Umuririmvyi wo mu gihugu ca Tanzania Diamond Platnumz yateguye igiteramo kur’uyu wa 20 Mukakaro i Vancouver muri Canada.

Nk’uko yabishize ahabona ku mbuga ziwe zitandukanye harimwo na You Tube, Diamond Platnumz atumirira abakunzi b’umuziki wo mu karere ka Afrika y’ubuseruko aho bari hose kw’isi kuguramatike kugira ngo banezeranywe nawe.

Ico giteramo gitegekanijwe gutangura igihe c’isaha imwe y’ijoro gihere isaha zitanu.

Abakunzi b’umuziki wo mu karere ka Afrika y’ubuseruko batari bake bamenyesha ko arintambwe idasanzwe mu kumenyekanisha umuziki wo mu karere na cane cane ko Diamond Platnumz ar’umwe mu baririmvyi batwar’idarapo mur’aka karere.

https://www.youtube.com/watch?v=36dzroZ3DfA

65340cookie-checkDiamond Platnumz i Vancouver
Previous articleBongo : Shusha umutwe mureke kwigana abandi
Next articleIshirahamwe ry’umupila w’amaguru mu Burundi FFB ryaraye rishize ahabona ibisabwa imigwi.