Home ENTERTAINMENT Bongo : Shusha umutwe mureke kwigana abandi

Bongo : Shusha umutwe mureke kwigana abandi

250
0

Umuririmvyi wo mu gihugu ca Tanzania Ali Kiba arakebura abaririmvyi bagenzi be kuvavanura n’ingeso yo kwigana umuziki wo mu gihugu ca Nigeria ariko ngo bashishe umutwe kugirango bandike ivyiyumviro vyabo bwite.

Ku rubuga rwiwe rwa Instagram, Kiba yanditse kur’uyu wa 19 Mukakaro agira ati gufatira akarorero ku bandi sibibi ariko kwigana abandi nikosha rihanwa n’amategeko.

Ayo majambo rero y’umuririmvyi Ali Kiba yaje asa nayavugisha benshi na cane cane umukeba wiwe mu muziki Diamond Platnumz na cane cane bitewe n’uko indirimbo nshasha Simba aheruka gukorana na Jux ; Enjoy isanzwe iri mu zitungw’urutoke ko ziganwe ku baririmvyi bo muri Nigeria.

Asa n’uwishura Ali Kiba, Diamond Platnumz yagiz’ati:” Bavuga ngo twiganye abanyanigeria none kuki bo bataririmba umudiho kavukire wacu bakaguma baririmba amapiano? Burya bahagaritsw’umutima n’uko indirimbo yacu Enjoy iriko irabica bigacika ku mbuga zitandukanye.

Mwomenya ko mur’iyi misi abatari bake mu baririmvyi bo mu gihugu kibanyi ca Tanzania bijukiye kuririmba cane umudiho w’ Amapiano usanzwe wamuka muri Afrika y’epfo , ivyo benshi bafata nko gutakaza akanovera ka Bongo Flavor ndetse bagakirako bita uwo muziki mushasha Bongo piano.

65290cookie-checkBongo : Shusha umutwe mureke kwigana abandi
Previous articleAmahitamwo ya Akon y’umuririmvyi wigihangange hagati ya Davido na Burna Boy.
Next articleDiamond Platnumz i Vancouver