Home ENTERTAINMENT Kicheche mu gisagara ca  Rumonge

Kicheche mu gisagara ca  Rumonge

433
0

Inyuma yo kwandikish’amateka yakirwa n’abantu benshi mu gisagara ca Bujumbura no mugiguhu ca Congo, umuhinga mu gutwenza ava mu gihugu kibanyi ca Tanzania Kicheche azoba ari mu gisagara ca Rumonge kw’igenekerezo rya 05 Myandagaro.

Kicheche amaze imisi mu bushorishori bw’umunezero mu gukora ibiteramo bikitabirwa n’abantu benshi cane. Inyuma yo kwandikish’amateka mu gisagara ca Bujumbura, Kicheche yaranasimbiye no muri Repubilika iharanira intwaro rusangi ya aho yakiranywe akanyamuneza kadasanzwe.

Atang’ubutumwa ku bakunzi ba comedie mu karere ka Afrika y’ubuseruko , Kicheche yamenyesheje mu ntango z’ino ndwi ko Abarundi bamwakiriye neza cane ndetse ngo niyo mpamvu ategerezwa kuza no mu Rumonge gukoreraho igiteramo kugirango arushirizeho kwiyegereza abakunzi biwe aho bari hose.

65040cookie-checkKicheche mu gisagara ca  Rumonge
Previous articleIbihugu birikumwe n’Uburundi mu kurondera itike yo mu gikombe c’isi 2026 vyamenyekanye
Next articleBurundi : Igiteramo mpuzamakungu co gutwenzwa.