Home ENTERTAINMENT SHIMA FM yatanguye guteramika abenegihugu

SHIMA FM yatanguye guteramika abenegihugu

348
0

Iradiyo nshasha mu Burundi ifise icicaro mu gisagara ca Rumonge yaratanguye guteramika abenegihugu kuva kur’uyu wa 12 Mukakaro.

Nk’uko vyemezwa na bamwe mu ndongozi zayo, SHIMA FM yumvikanira kuri 95.9 MHz ije yikwije kugirango ishike ku nyota abenegihugu mu kubaha amakuru n’ibiganiro vy’akanovera.

Izo ndongozi za SHIMA FM zihamagarir’abarundi muri rusangi kutikumira maze bagashikiriza ivyiyumviro vyabo babicishije kur’iyo radiyo isanzwe ifise icivugo kigira kiti ” Ijambo kuri bose”.

SHIMA FM ni iradiyo igira kabiri isamiranira mu gisagara ca Rumonge inyuma ya Izere FM.

64900cookie-checkSHIMA FM yatanguye guteramika abenegihugu
Previous articleUmukinyi Pau Torres ashika mu mugwi wa Aston Villa
Next articleIbihugu birikumwe n’Uburundi mu kurondera itike yo mu gikombe c’isi 2026 vyamenyekanye