Home ENTERTAINMENT Kylian Mbappé Lottin na Samuel Mbappé Léppé hoba harico bapfana?

Kylian Mbappé Lottin na Samuel Mbappé Léppé hoba harico bapfana?

490
0

Mu gihugu kibanyi ca Tanzania hariho ijambo bakunda gukoresha ngo ” Duniani wawili wawili ” aho baba bashaka kuvuga ko kw’isi kira muntu afise mugenziwe basa.

Ukwo kwizera kw’abanyatanzania gufise ishingiro rinini iyo wifashishije akarorero ka Samuel Mbappé Léppé na Kylian Mbappé Lottin. Abo bakinyi b’umupira babiri barasa ku buryo butangaje aho mbere vyoroshe kwibaza ko bava mu muryango umwe yamara atarivyo.

Samuel Mbappé Léppé yavutse mu mwaka 1936 i Douala muri Cameroon, yabaye umukinyi w’umupira rurangiranwa muri équipe ya Oryx Douala nk’umukinyi wo hagati.

Ukuguru kwa Mbappé Léppé ngo kwari gutey’ubwoba mu kibuga kuko ngo yatera imipira irimwo inguvu zidasanzwe. Aha rero twokwobaza duti mbe niwe yongeye kuvukamwo Kylian Mbappé Lottin nawe asanzwe afise inguvu nyinshi mu kibuga ndetse agatera n’imipira y’inguvu nyinshi nka mukuruwe Mbappé Léppé?

Imbere y’uko yitaba Imana mu mwaka wa 1985, Samuel Mbappé Léppé yakoze vyinshi mu mupira w’amaguru mu gihugu ca Cameroon kugeza naho bamutazira Maréchal. Amwe mu mateka ya Léppé ni nko gutwara ihiganwa rya Cameroon incuro zitanu (1961, 1963, 1964, 1965 na 1967). Samuel Mbappé Lottin yarondewe incuro nyinshi n’imigwi yo ku mugabane wa Buraya ariko ababera ibamba, yogumira mu gihugu c’amavuko ndetse anakinira n’umugwi nserukiragihugu wa Cameroon.

Samuel Mbappé Léppé yitavy’Imana ku myaka 49, ntiyigeze yubaka urwiwe ariko bivugwako yasize umwana umwe w’umwigeme yamenyekanye inyuma y’urupfu rwa se Léppé.

Ku ruhande rwa Kylian Mbappé Lottin, n’umukinyi wa Paris Saint Germain akaba n’uw’itimu nserukiragihugu y’Ubufaransa. Lottin yavutse mu 1998, mu gihugu c’ubufaransa , se akomoka mu gihugu ca Cameroon nayo nyina n’umufaransakazi akomoka ku bavyeyi bo muri Algeria.

Kylian Mbappé Lottin afise vyinshi ahuriyeko na Samuel Mbappé Léppé yamuboney’izuba mu mupira w’amaguru. Ivyo navyo n’ibi bikurikira:

Samuel Mbappé Léppé na Kylian Mbappé Lottin bose n’abakinyi rurangiranwa mu mupira w’amaguru;

Ubitegereje neza bompi barafitaniye ishusho ndetse bafise inguvu zidasanzwe mu kibuga, muri make wogira uti Samuel Mbappé Léppé niwe yavyaye Kylian Mbappé Lottin;

Bompi bamuka mu gihugu ca Cameroon Kandi banasangiye n’izina Mbappé.

Samuel Mbappé Léppé na Kylian Mbappé Lottin bari mu bantu bariko baratuma abatari bake barushirizaho kwibaza nimba ukwizera ko umuntu apfuye yongera akavuka kutoba arukuri. Mu gihe abandi bagaruka kuri kakajambo k’abatanzania ngo Duniani wawili wawili.

Kylian Mbappé Lottin

Samuel Mbappé Léppé

 

64710cookie-checkKylian Mbappé Lottin na Samuel Mbappé Léppé hoba harico bapfana?
Previous articleUganda : Inyuma y´umunsi umwe asohotse ibitaro yabonetse mu  giteramo.
Next articleAbahagarikizi babiri b’inkino z’umupila bamuka m’Uburundi mu rutonde rwashizwe ahabona na CAF