Home ENTERTAINMENT Dar Salam : Roma, Stamina, kala Jeremiah na Nay wa Mitego nibo...

Dar Salam : Roma, Stamina, kala Jeremiah na Nay wa Mitego nibo baririmvyi!

338
0

Inyuma y’indirimbo *Mimi ni nani?*  ya Roma Mkatoliki, abakunzi b’umuziki mu karere ka Afrika y’ubuseruko barushirizaho kugaragaza ko abakora umuziki ari benshi ariko ababashika ku nyota mu guserura ivyihishije bakaba bari ku rushi.

Mimi ni nani? (Ndi nde?) n’indirimbo igizwe n’ibibazo n’ubupfindo aho Roma Mkatoliki agaruka ku vyago n’amabi atari make yakoze ku gihugu ca Tanzania aho yerekana neza ko abagiye bakora ayo mabi arabantu bahari ndetse bidegemvya maze akabaza abamwumviriza ikibazo kigira kiti ; “Jewe nakoz’ivyo ndi nde”.

Bivanye n’uburemere rero bw’ivyiyumviro biri mur’iyo ndirimbo, abatari bake barushirizaho gufata abaririmvyi bubahuka bakerekana ibitagenda neza nk’intwari zibihe vyose mu muziki. Aha bagashir’imbere kur’urwo rutonde Roma Mkatoliki, Stamina, Kala Jeremiah hamwe na Nay wa Mitego bose basanzwe badatinya gukosora ubutegetsi bwa CCM (Chama Cha Mapinduzi) muri Tanzania.

Roma Mkatoliki ubu abarizwa muri reta zunz’ubumwe za Amerika ari nayo asigaye akorera ivyumuziki inyuma yo guturatuzwa mu gihugu ciwe c’amavuko.

62270cookie-checkDar Salam : Roma, Stamina, kala Jeremiah na Nay wa Mitego nibo baririmvyi!
Previous articleUmugwi Horana Band niwo watahukanye agashimwe k’ihiganwa Summer Song
Next articleVIDEO NSHASHA | Eazyo Muzic ft. Masterland – Happiness | DOWNLOAD