Home ENTERTAINMENT Kirikou A Kili yereka urukundo Big fizzo kuri Instagram

Kirikou A Kili yereka urukundo Big fizzo kuri Instagram

227
0

Umuririmvyi Kirikou Akili asanzwe yegukira umugwi Bilimani Boy yerekanye urukundo rudasazwe k’umuririmvyi Big Fizzo mugushira ifoto ya Big Fizzo kuri profil yiwe ya Instagram yiwe.

Ivyi  bibaye mugihe kuva bavuye muri le bar ya Big Fizzo Bantu Bowy Entertainment atigeze avuga neza Umuririmvyi Fizzo, Management na Team ya Bantu Bowy yose, ahabeshi bakaba bibaza ibibazo vyishi bamwe bakibaza ko Kirikou yoba yabikoze kugira avugwe cane n’ibimenyesha makuru muntumbero yogute gurira inzira nziza indirimbo nshasha yashize kumugaragaro kuruyu wa kane itariki 08 Ruheshi 2023.

Iyo ndirimbo nshasha yitwa “LALA” akaba yayikoranye n’umuririmvyi Chriss Eazy indirimbo gushika ubu imaze kurabwa na bantu barenga Ibihumbi cumi n’umunani (18000 vues) kuri YouTube.

Kirikou akaba yasohoye iyo ndirimbo mugihe ukwezi kumwe kwari guheze asohoye indirimbo Ntivyakunze.

Gushika ubu kuru hande rya Big Fizzo ntaco ara bivugako.

61740cookie-checkKirikou A Kili yereka urukundo Big fizzo kuri Instagram
Previous articleQuébec : Umukunzi mushasha wa Drake yashizwe kumugaragaro
Next articleAUDIO | Killer The Sun X P One – Hummeeh | DOWNLOAD