Home NEWS Minani Augustin niwe yatowe kuba Musitanderi wa Komine Rumonge

Minani Augustin niwe yatowe kuba Musitanderi wa Komine Rumonge

163
0
Minani Augustin niwe ahejeje gutorwa n’inama ya Komine Rumonge ngo arongore iyo komine. Akaba atowe kumajwi agera kuri mirongo itatu nane (34) ku bantu 40 batoye. Abajenama b’iyo komine bitavye iyo nama, bagera kuri 38, nayo babiri bakaba barungitse uburenganzira, ico bita mu gifaransa procuration. Niwe wenyene yitoje muri ico kibanza. Minani Augustin Asanzwe avuka muri zone ya Kigwena akaba  agiye gusubirira Jeremie Bizimana yahora arongoye iyo komine, ubu asanzwe y arahagaritswe, aho ariko akurikiranwa n’ubutungane.
49810cookie-checkMinani Augustin niwe yatowe kuba Musitanderi wa Komine Rumonge
Previous articleNassra IRAKOZE atahukanye urugori rwa Miss Africa Golden Top Model 2022
Next articleVIDEO NSHASHA | John Black – Ibishetani | Download