Home ENTERTAINMENT Amahera ya Natacha yaraheze asigaye Atakambira abategura ibiteramo kumushiramwo

Amahera ya Natacha yaraheze asigaye Atakambira abategura ibiteramo kumushiramwo

177
0

Umuririmvyikazi Natacha Burundi n’umwe mubaririmvyikazi bivugwangwa ko afise amafaranga gusuba abandi mu gihugu c’Uburundi nkako akunda kwiyita LaBoss, na ho yiyita canke bamwita LaBoss ntibisigura yuko adashaka gutumigwa mubiteramo biba biriko birategugwa nkako muruyumwaka turangiza wa 2022 Natacha ntiya garagaye cane mu biteramo vyinshi nkuko mumyaka ize vyagenze.

Abaririmvyi benshi bariko baragaragara mu biteramo batumiwe vyoguheza umwaka bitandukanye na Natacha wewe  azokora igiteramo ciwe kuri Hotel Club Lac Tanganyika.

 

Natacha ishavu niryose kubona muriki gihe abategura ibiteramo batariko bara mu tumira bamwirengagiza, abicishije kuri page ya facebook yiwe yagaragaje umu babarowiwe aho yanditse amajambo yakomeye cane  asaba gutumigwa akaba yana bemereye ko ubu kuba mukeneye mugiteramo agiye kugabanya igiciro c’amahera ati :

Nagira nsabe Abantu bose bategura ibiteramo uziko wateguye igiteramo kirimwo Abaririmvyi babarundi ukibagira Umwamikazi w’Umuziki w’uBurundi, Umwamikazi wo kuri Scène ntiwibaze ko igiteramo cawe gishobora kuzogenda neza. Kandi igiteramo kirimwo Laboss kiba ari igiteramo ciyubashe caane. Ubu kubera kubumvira ikigongwe nzogabanya gatoya igiciro canje kubantu bose bategura ibiteramo kugira duteze imbere umuziki wacu turikumwe nabandi. Kuko iyo mutwegereye twama twababwiye amategeko atandukanye mutegerezwa kugenderako kandi ikindi ico mwomenya nuko umuziki sagakino umuziki nakazi. Iyo umuririmvyi waronse amahigwe ukaja mugiteramo ndagusaba gusonera ako kazi uba wahawe ukubahe kuko niko kazi kawe ikindi naco nuwateguye ugire contrat. Kubera nkunda igihugu canje ubu ngiye kugabanya amahera kugira dutezimbere umuziki wacu. Ego ndazimvye kandi cane ariko igiteramo kirimwo Natacha kiba kirimwo imigisha naho ntashobora kubivuga muhora muvyibonera Yes I’m the Queen

48250cookie-checkAmahera ya Natacha yaraheze asigaye Atakambira abategura ibiteramo kumushiramwo
Previous articleNTAKAGERO OMAR abarizwa mu mugwi wa Musongati
Next articleVIDEO NSHASHA | Wiz Designer ft Double Jay – Be mine | Download

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here