Home NEWS Nta Benzema nta birori – karim Benzema Arasabwa kwisubirako agakinira ubufaransa muri...

Nta Benzema nta birori – karim Benzema Arasabwa kwisubirako agakinira ubufaransa muri Euro

156
0

Umusatirizi Karim Mostafa Benzema yaraye asezeye muri ekipe y’igihugu c’u Bufaransa “‘Les Beus’, arasabwa na benshi mu bafana kwisubirako, akagaruka gutanga umunezero. Bamwe bati ” Nta Benzema nta birori”.

Benzima yafashe ingingo ikomeye yo gusezera gukinira equipe  serukira gihugu, inyuma yo kwirengagizwa n’umumenereza Didier DesChmps yanse kumuha umwanya murukino gwanyama c’igikombe c’Isi. Bikananarangira igihugu c’Argentine citwariye igikombe.

Imbere y’urukino gw’anyuma gwokuruyu wa 18 Kigerama, umumenyereza w’ u Bufaransa, Didier DesChamps yabajijwe nimba azomukinisha Karim Benzema kurukino gwa nyuma, arishura ati ” Si ngomwa, abakinyi barahari nabo barashoboye.”

Karimu Benzema na we yasabwe kugira ico avuze kubona atazokoreshwa murugwo rukino gwanyuma kutagushaka kumu menyereza, yavuzeko ntaco bimubwiye, asobanura ko yubashe ingingo y’umumenyereza.

Benzima atangaza ko yasezeye mumugwi nserukira gihugu c’u Bufaransa yagize ati ” Nakoze ivyiza n’amakosa, bigeza aho ndi ubu kandi ivyo vyose ndashima. Nanditse inkuru, ubu ivyacu na equipe y’igihugu birarangiye.”

Abagize ico bavuze ku butumwa bwa Karim Benzima barenga ibihumbi 11, harimwo nabakomeye mu mupira wa maguru kwisi ndetse no mu nzego za Leta mu Bufaransa, bamushimira ukwitanga kwiwe yagize, abandi bamusaba kuguma muri Equipe nserukira gihugu.

47030cookie-checkNta Benzema nta birori – karim Benzema Arasabwa kwisubirako agakinira ubufaransa muri Euro
Previous articleJoseph Ntakirutimana niwe agiye kurongora Inama Nshingamateka y’ umuryango wa Afrika y’ ubuseruko EALA .
Next articleKirikou Akili – Erega umuntu aduzwa n’Imana Son of jah

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here