Bruce Mélodie yaraye mu gasho mu gisagara ca Bujumbura

Bruce Mélodie yaraye mu gasho mu gisagara ca Bujumbura

1 septembre 2022 0 Par KAMIKAZI

Umuririmvyi wo mugihugu c’urwanda Bruce Mélodie akaba yafashwe haheze akanya ashitse i Bujumbura yaraye mu gasho kigipolisi c’uburundi, aho nimugihe yaraje guteramisha abarundi mu biteramo bibiri vyari bitegekanijwe kuri Zion Beach hamwe no muri Mess des officiers.
Amakuru dukura mu bushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo umutekano ko yagirizwa kwiba akoresheje amayeri amafaranga ya baba imiriyoni zishika 30 zmarundi z’umugwizatunga Toussaint.

Nkuko Petero Nkurikiye avugira ubwo bushikiranganji akaba amenyesha ko atagiteramo na kimwe ciwe kizobera iBujumbura nk’uko vyari bitegekanijwe mu mpera z’ino ndwi. Umumubabaro ukaba uriko uragaragara kubakunzi ba Bruce Mélodie bari bamurindiranye igishika nkuko biriko bira garagara mbunga zitandukanye.

N’aho biri uko, abaririamvyi batari bake bo mugihugu c’uBurundi basaba ko yorekurwa agakora ica muzanye hama ivyo kwishuzanya bikaba mu nyuma nahandi abamuzanye n’uruhombo rukomeye kuribo. Ako kamo kabo kakaba kabaye imfagusa.

Facebook Comments Box
32500cookie-checkBruce Mélodie yaraye mu gasho mu gisagara ca Bujumbura