Home ENTERTAINMENT Sat B yari yahishikiye kumusi wa Flambeau Day

Sat B yari yahishikiye kumusi wa Flambeau Day

185
0

Ku musi ugira kabiri w’ihiganwa rya Primus Ligue Burundi mu cicaro ca mbere, umugwi wa Flambeau du centre wari waramukanye umusi mukuru wa Flambeau Day. Imbere y’uko urukino rwari rutegekanijwe guhuza umugwi wa Interstar n’umugwi wa Flambeau du Centre,  umuririmvyi Sat B niwe yabanje guteramisha abakunzi b’umugwi wa Flambeau du Centre kukibuga Ingoma kiri ku mugwa mukuru w’Intara ya Gitega.

Nkuko mubibona kuma sanamu twakuye kurubuga rwa instagram rwa Sat B, ibirori vyari vyitabiriwe n’abakunzi benshi b’umugwi wa Flambeau du Centre kubw’uwo muririmvyi ari mu baririmvyi bakundwa cane mu gihugu c’uburundi. Inyuma y’ibirori urukino rwaciye rutangura aho rwarangiye kuntsinzi y’umugwi wa Flambeau du Centre y’ibitsindo bibiri kuri kimwe (2-1) c’umugwi wa Interstar.

29820cookie-checkSat B yari yahishikiye kumusi wa Flambeau Day
Previous articleRachmy aravuze amajambo y’inkora mu tima kuvya mu shikiye inyuma ya izere Award 2022
Next articleB Face ahura n’abastar bakoma komeye bo mu gihugu c’urwanda

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here