Umuririmvti asazwe aririmba umudiho wa Hip hop mu burundi Hake Jeezo ngo ntariko ararota amenyesha umuririmvyi yakoranye collabo y’indirimbo yiwe nshasha mugihe itaraja kumugaragaro.
Tukwibutse ko Hak Jeezo amaze gukora indirimbo zitandukanye aharimwo iyo yakoranye na B-FACE indirimbo yitwa IBIBAZO nyuma yaho gato aca akora indirimbo yise SIBONIYO yakoreye muri Bantu Bwoy ayikorana na n’umuhinyanyuzi Endo Mike ntiyahagaritse kandi arasubira akora iyindi ndirimbo yise SENGA yakoreye Kwa TRICK ON THE BEAT.
Ubu naho rero aragarutse nindirimbo Yitwa “REKA” yakoreye kumuhinyanyuzi X-FECTA muri NEW ERA
Hak Jeezo akaba yanse gutanganza umuririmvyi bagiranye collabo nkuko yabigaragaje kuri cover ivyo bikaba vyatumye beshi bibaza impamvu Hak Jeezo yabigize uko mukwanka gutangaza uwo muririmvyi. Hak Jeezo akaba yemezako iyo ndirimbo ngo ije guhindura vyishi muri Carrière yiwe y’umuziki nkuko yabivuze mukiganiro yakoranye na zabuja.com.
Hak Jeezo numwe muba Rapper bakaze cane Kandi yigora agakorera indirimbo ziwe muma Studios akomakomeye ngaha mugihugu cacu ndetse akaboneka ko afise kazoza keza Kandi akorana ishaka ryishi mugukorana naba Producers bagezweho. Akaba yemezako indirimbo yiwe “REKA” azo ishira kumugaragaro kuruyu wa gatanu 16 kigarama 2021.
Rabani y’indirimbo DYD Umuranga – Wanje