Home NEWS KIMANA Eith Stein yitoza Kurongora Amicale Du Musiciens Du Burundi

KIMANA Eith Stein yitoza Kurongora Amicale Du Musiciens Du Burundi

237
0

KIMANA Edith Stein akaba agiye kwitoza kurongora ishirahamwe ry’abaririmvyi mu Burundi (Amicale des Musiciens) mumatora yimirije, ivyo akaba yabigaragaje kuruwu wagatanu igenekerezo rya 08 Gitugutu 2021 abicishije kumbuga ngurukana bumenyi ziwe.

Edith Stein akaba ndetse yashize kumugaragarop icivugo ciwe ati : Akamaro kumucurarazi hagati mwi terambere gy’igihugu ( L’importance du l’artiste au centre du développement du Pays ). Wibuke ko Kimana Edith Stein asaswe ari manager wa Bantu bwoy Entertainment label.

Naho biri uko Ishirahamwe shirahamwe ryabaririmvyi mu Burundi Amicale des Musiciens bakaba biyamiri abatanguye kwiyamamaza ngo kuko batarashira hanze ikirangamisi c’amatora bakaba babicishije kuri Page ya facebook bati : Ishirahamwe ryabaririmvyi mu Burundi Amicale des Musiciens du Burundi riramenyesha abaririmvyi babarundi n’abarundi muri rusangi ko ritaratanga ikirangaminsi camatora ahamagarira kwitoza munzego zitandukanye za AMB. Amicale des Musiciens du Burundi rirasaba abatanguye kwiyamamaza ko bobihagarika mumaguru masha bagasonera inzego zo ziri kukivi zitegura ibikorwa bijanye nugutunganya amatora. Ikindi twomenyesha nuko umunywanyi atangura kwiyamamaza mugihe akwije ibisabwa kandi bikemezwa numugwi ujejwe gutunganya nugutegura amatora tugasaba abashaka guhungabanya ibikorwa vya komite nyobozi ko bobiheba kuneza yabo no kuneza yumuziki w’Uburundi. Imana ibahezagire mwese

 

13480cookie-checkKIMANA Eith Stein yitoza Kurongora Amicale Du Musiciens Du Burundi
Previous articleMista champagne Atakambira Ama Media Online Yomu Gihugu Ca Tanzania Gufasha Abaririmvyi Bomu Burundi
Next articleAUDIO | OMB Adam – Happy birthday | Download

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here