Fabby Tozzy yagiriza Ubusuma Lolilo Simba Kumwiba Indirimbo « Hatari »

Fabby Tozzy yagiriza Ubusuma Lolilo Simba Kumwiba Indirimbo « Hatari »

4 octobre 2021 0 Par KAMIKAZI

Umuririmvy Fabby Tozzy asanze avuka mu ntara ya Rumonge yagaragaje umubabaro wiwe mukwagirisa umuririmvyi Lolilo Simba Ntare ubusuma bw’indirimbo.

Fabby Tozzy akaba yemejeko Lilolo indirimbo aheruka gusohoro Hatari arikumwe na B Face ko yakoresheje instrumatal y’indierimbo yiwe DoDa, iyondirimbo akaba yayikoranye Fabyy Tozzy  na Lilolo Simba Ntare, Fabby Tozzy akavugako Lolilo mbere yakoresheje namajambo yari muriyo ndirimbo bakoranye aca ayakoresha kuriyo Hatari.

 

Fabby Tozzy yanditse kuri facebook ati :

Lolilo Simba numusuma lolilo numusuma Lolilo urumusuma kweli ngiye ndavyemera, kandi ndasubiyemwo lolilo ni umusuma umuziki indundi wakabaye ufise uburongozi bwiza narikukwitwarira gusa uzopfa nabi kweli kubona umuririmvyi nkawe ngo uri umurigend wiba indirimbo yumuntu nkanje🙆‍♂️ ndi muto kuri wewe gusa urerekanye ko urigito. Ese warabuze ivyuririmba? Canke warabuze iyindi beat woririmbirako? Ikimbabaje nizina rya B Face On The’Flo watesheje agaciro nawe nyene ndazi iyo yarikumenya ko ugira umuririmbishe indirimbo yabandi ntavyo yarigukora.
Ndazi ko nkiri umuririmvyi muto gusa uranyeretse ko harico maze uranteye intege kubona nshobora kwandika indirimbo hama igasubigwamwo nabaririmvyi bakuru 🤝💪💪 Unteye intege zogukora cane kurusha. Gusa urumusuma kweli ndakwemeye 🤦‍♂️…nahoze ndakwumva nkibaza ngo barakubeshera.
Facebook Comments Box
13030cookie-checkFabby Tozzy yagiriza Ubusuma Lolilo Simba Kumwiba Indirimbo « Hatari »