Home NEWS Sat-b yakwije abamukurikira 100,000 kuri Chanel yiwe ya YouTube

Sat-b yakwije abamukurikira 100,000 kuri Chanel yiwe ya YouTube

218
0

Sat-b uno musi akaba ariwe muririmvyi wa mbere akwije abantu 100,000 bamukurikirana ku rubuga rwa Youtube nkuko twabashije kubibona kuri urwo rubuga aho n’inyuma y’ugukwiza abantu 100,000 ku rubuga rwiwe rwa Instagram, n’ama views arenga 2,500,000 ku rubuga rwiwe rwa YouTube ku ndirimbo Beautiful yakoranye na Meddy, uwo muririmvyi abandanya akora ibikora inka. 

Sat-b ntaco arashikiriza kuri iyo yindi ntambwe ateye, ariko Kandi hakaba hakirindiriwe Indirimbo yakoranye na Otile naho yaciye aba arasohora ya ndirimbo yakoze imbere yuko Otile ashika hano iwacu.

Iyo ndirimbo ya Sat-b yise Forgive me ikaba itabashije kuboneka ku rubuga rwa Youtube ahubwo abantu bakaba bariko barungikwa ku mbuga zigurisha umuziki hirya no hino kuko ariho iyo ndirimbo yabanje gushirwa, ubwo tukaba twiteze ko ashobora kuzoyishira ahabona aruko ayikoreye amasanamu.

Ngiyi inyishu ya MB Data inyuma yogukorana indirimbo na Olga hamwe na Noria

12421cookie-checkSat-b yakwije abamukurikira 100,000 kuri Chanel yiwe ya YouTube
Previous articleVIDEO COVER | Sat B ft Juno Kizigenza – Forgive Me (Video cover by Blaise Levis) | Download
Next articleLolilo na Loliane bifuriza umwana wabo Saouar Simba isabukuru rwiza

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here