Kirikou Akili aciye bugufi mugushimira abafana biwe

Kirikou Akili aciye bugufi mugushimira abafana biwe

22 août 2021 0 Par KAMIKAZI

S’ibinyegezwa aho mu Burundi beshi mubaririmvyi basuzugura abafana babo mukwiduza hejuru kwataco bamare  ariko n’umuririmvyi Kirikou atakiri wawundi wo muri Bantu bwoy ko yahindutse akamenya akamaro kabafana numuryanko wiwe ivyo nivya yagaragaje kurubuga gwiwe gwa Facebook kuruwu w’Imana igenekerezo rya 22 aho yaciye bugufi mugushimira abafana na famiye yiwe kumpanuro zikomeye bamuhaye ndetse bananamwereka akamaro kogarika mumuji kubandanya igikogwa cogushikana kure indoto ziwe yiyemeje.

kirikou Akili yanditse ati :

Kubaho n’umuruho , kurokoka uwomuruho nukuba banini , kuruta iyo miruho!!
Haringorane nigeze kugira ndazifata nk’ububabare bukomeye , bugoye kwihanganira ariko munyuma nasanze ar’umugisha udasanzwe , vyabaye impamvu yokumenya ko nanje mfise umuryango abo nitwa abafana ariwomuryango wanje , arizoncuti zanje zinkunda , zinyipfuriza iterambere , zitipfuza kumbona nsubiza ikirenge inyuma!!! Nshimiye bivuye ku mutima batonya banje ,na Mama wanje mutonya , kuba narasubiye imuhira ,ntibanyinuba baranyakira , nshimiye na buriwese yambaye hafi , buriwese yanyandikiye andemesha , buriwese yangaragarije umutima w’urukundo , icipfuzo canyu mwese kwari ukunyubaka mu mutima ko nkwiye kugaruka Mu gisagara , nkaharanira indoto zanje!! nanje Imbere yuko ntangura ibikorwa vyanje , umutima wanje wantegetse Kubanza kubashimira!!! Vyukuri ndabashimira cane! Muzobandanye kumfata ukuboko jewe jenyene ntavyo nokwishoboza , Imana izobampembere.

Facebook Comments Box
10400cookie-checkKirikou Akili aciye bugufi mugushimira abafana biwe