Home NEWS Intamba U23 muri finale za CECAFA U23

Intamba U23 muri finale za CECAFA U23

213
0

Umugwi Nserukiragihugu Intamba Murugamba wabari munsi y’Imyaka 23 (U23) baraye baronse uburenganzira bwo kuzokina urukino rwanyuma mu nkino z’igikombe ca CECAFA U23 ziriko zibera mu Gihugu ca Ethiopia , aho Uburundi bwatsinze kuri za penalti ibitsindo 4 kuri 2 Umugwi Userukira Igihugu ca Kenya inyuma yo kunganya ubusa kubundi mu minota 90 itegekanijwe n’amategeko.

Mu mwanya wama penalite umunyegori Rukundo Onesime yashoboye gukurayo imwe iyindi ziterwa hejuru ni mugihe abakinyi b’Intamba U23 batsinze bose, ivyo rero bitumye uburundi bukwiza inkino 3 budatsinzwe na rimwe uretse urukino rumwe banganije.

Tubamenyeshe ko Umugwi Nserukiragihugu Intamba U23 uzotana mu mitwe kur’uyu wa Gatanu n’Umugwi userukira Igihugu ca Tanzania.

 

 

8400cookie-checkIntamba U23 muri finale za CECAFA U23
Previous articleAUDIO | Rachmy – Ibaze Nawe | DOWNLOAD
Next articleVIDEO SHASHA | Big Fizzo ft. Jux – Dear

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here