Home IMYIDAGADURO Abarundi baba mu Bwongereza biginye ku ncuro ya 9 akaranga n’imico kama...

Abarundi baba mu Bwongereza biginye ku ncuro ya 9 akaranga n’imico kama vyu Burundi.

18
0

Ku muhinga wo kuruyu wa gatandatu igenekerezo rya 24 Rusama 2025, bamwe mu Barundi baba mu Bwongereza barahimbaje ‘Burundi Cultural Day’ ku ncuro y’icenda, umunsi bahariye guhimbaza no kwigina akaranga n’imico kama vy’Abarundi mu Bwongereza.

Ivyo birori vyabereye mu gisagara ca Coventry kiri mu karere ka ‘West Midlands’ ko hagati na hagati mu Bwongereza, ivyo birori bikaba vyateguwe n’Abarundi baba iCoventry bahurikiye mw’ishirahamwe ry’Abarundi ryitwa CBC (Coventry Burundian Community).

Bikaba vyaranzwemwo akamwemwe kenshi, kwiginana no gusangira imfungurwa,
abari bavyitabiriye berekanye ingene bari bakumbuye akaranga k’igihugu c’amavukiro mu gutamba indirimbo zo mu mirwi n’izo mu kivunga.

Imirwi y’abatamvyi y’abana bafise imyaka iri hagati ya 6 na 10, abafise iyirenga 10, abafise iyiri hejuru y’imyaka 15, n’iyo abavyeyi babo, baratamvye batarika muri ivyo birori, ivyatumye bamwe mu banyamahanga bahaguruka bagatambana na bo.

Kurikira iki kiganiro https://youtu.be/5QVHAJJaC9w?si=Or8YAPMLG_wAeVzC

79580cookie-checkAbarundi baba mu Bwongereza biginye ku ncuro ya 9 akaranga n’imico kama vyu Burundi.
Previous articleUmumemyereza mushasha muri Real Madrid. 
Next articleImyaka 3 niyo Xabi Alonso agiye kumenyereza umurwi wa Real Madrid.