Amber Rutty n’umutanzaniyakazi yamenyekanye cane inyuma yo gukwiragira kw’amasanamu y’urukozasoni yiwe n’umugabowe. Nk’uko amakuru dukesha urubuga rwa Swahili world avyemeza, Amber Rutty yamenyesheje muntango z’ino ndwi ko be n’umugabo bicuza cane ivyabashikiye. Yagize ati:”Kenshi twariyugarana mucumba tukarira, twaruha tukaryama, tuvyutse tukongera tukarira. Arya masanamu yakwiragiye yatumye duharirwa ivomo; turabura kiremesha”.
“Bivanye n’uko n’idini rya Islam twari dusanzwemwo tutarironsemwo ubuhungiro ; umugabo wanje yahisemwo kwakira agakiza ngo kumbure turabeko ubukristu bwobwo bwotubera ubuhungiro n’indemeshanyo. Ariko jewe ndacakwirikira amadini yompi: kira munsi ndasenga gatanu nk’uko idini rya Islam ribitegeka hama ku munsi w’Imana nkaja mu rusengero.”
Amber Rutty yongeyeko ko gushika n’ubu batararonka aho bakwirwa ngo bibagire ivyabashikiye gutyo agasaba Imana kubakomeza no kubaronda ivyiyumviro bibi nko kwiyahura ndetse Ikabaha umugisha w’ibibondo bidafise na hamwe bihuriye na kahise kabi k’abavyeyi.
Mu gihugu ca Tanzania, izina Amber Rutty benshi barifata nk´ikimenyeci c’amareresi y’urukozasoni.