Home ENTERTAINMENT INKURU ISHUSHE : Ntabutunzi bw’iza nkokubana n’abantu neza – Kirikou Akili

INKURU ISHUSHE : Ntabutunzi bw’iza nkokubana n’abantu neza – Kirikou Akili

333
0
Kuruyu wa gatatu 09 Ruhuma muririmvyi Kirikou akili yanditse amajambo akomeye kumbuga ziwe aho yerekanye ko naho woba ufise amahera menshi gute si yaziguhamba , benshi bakaba batanguye kwbazi Kirikou yoba yashikiwe niki ati :
Mu buzima ntanumwe yigera aheza ntanumwe yigera yikwiza muri vyose , ubuzima nimagiriranire ntamuntu yigira umuntu agigwa n’abandi , Iyumvire n’abantu bangahe wigeze kuba uzi vyari ibihangange , hamwe wibaza ko batsinze isi , ariko uyumusi utacibuka Amazina yabo kugeza kurugwo rugero?? Nibangahe Bigeze kuba bafise Inguvu hamwe ubona ko atawobashobora , ariko uyumusi izonguvu batakizigira ? Nibangahe Bigeze kuba bafise amazu , imiduga myiza izimvye ariko uyumusi atanakimwe bagifise? Ntabutunzi bw’iza nkokubana n’abantu neza , naho woba ufise amahera kurusha Bill Gates ntushobora kuzoshobora kwitwaza ikiziga cawe (Isandugu yawe) naho woba icamamare kurusha Michael Jackson , uzoguma ukeneye abantu , Isi n’urukino rurangira twese dutsinzwe , ubaha cane abantu , nomw’ijuru dushobora kuzocirigwa urubanza tubajijwe kuvyo twakorera abantu. Murakoze, Amajambo ya Kirikou Akili.
21080cookie-checkINKURU ISHUSHE : Ntabutunzi bw’iza nkokubana n’abantu neza – Kirikou Akili
Previous articleAUDIO | Vichou Love – Urumugabo | DOWNLOAD
Next articleINKURU ISHUSHE : Kuri Saint Valentin niho nzosohora Indirimbo yanje “Ndombolo” – Freema Boy

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here