Home ENTERTAINMENT “Kazima Imana inkunda”

“Kazima Imana inkunda”

1350
0

Ayo ni amwe mu majambo y’indirimbo nshasha ya Dj Fernando.Ayo majambo aje nk’inyishu kubiriko bivurwa kuri uyo muririmvyi.

Mukiringo kitagera kundwi 2 ziheze, umuririmvyikazi akaba n’umwanditsi Kadie Kay yamenyesheje ko indirimbo “Bellissima” ko ariwe yayandikiye Dj Fernando.
Uyo nawe akaba atatevye kwishura ari mugiteramo aho yamenyesheje ati: “Umwe avugako ariwe anyandikira indirimbo naze aziririmbe.”

Ayo majambo aka yateye agashavu abatari bake mubakunzi ba Dj Fernando.Bamwe aho bavuzeko yarenze “umurongo” bamuhamagarira gusaba imbabazi Kadie Kay.

Dj Fernando akaba yishuye abo bose mundirimbo yihutiye gusohora .
Aho agira ati:”….iyo uriko utera imbere uca ubona abantu inzigo yabo yari yinyegeje…abo ntibashaka ko utera imbere…”

Mbega iyo ndirimbo izoza yibagiza abakunzi ba Dj Fernando ibihe ariko acamwo? Umwanya niwo mucamanza.

75860cookie-check“Kazima Imana inkunda”
Previous articleRumonge: Mbe ubukene bw’igitoro bwoba bugiye gutuma abantu bibagira agafi?
Next articleEP y’indirimbo  6 igiye gushigwa kumugaragaro na Yan Humble Manbe Man.