Home ENTERTAINMENT Ntacijana ku ba Star.

Ntacijana ku ba Star.

222
0

Umuririmvyi karume Abubakar Sat-B ntacakora ngo agende atakimenyeshe abakunzi biwe.

Aho yagaragarije aherutse kwereka abakunzi biwe bamukurikirana kumbuga ngurukana bumenyiko aherutse kugura téléphone nshasha izimvye.

Nkuko bigaragara kumasanamu, uyo muririmvyi yoba yiyumviriyeko hariho abahava batemera ivyo avuze ahitamwo gufotora iyo ngendanwa yiwe irikumwe n’ikarato yayo nkicemezoko cuko ari nshasha vyukuri.

Amajambo yakurikije iyo sanamu asa naho yemezako n’abanyamuziki b’abarundi bafise akanoti nkabandi bo mubindi bihugu.Aho yavuze atadomyeko urutoke umuririmvyi The Ben yaheruka gutakariza telephone yiwe mugiteramo mu Burundi ariko yahavuye iboneka munyuma. Aho agira ati :”…..iyiwe yari 14 nanje nanse akagaye naguze 15″

Ariko Sat-B ,asa nuwivuguruza muvyo avuga .Asigurako ikiranga ko umuntu afise amahera menshi atari ukugura ibintu bizimvye, ahubwo ari ukumenya gukoresha neza ayo mafaranga mu migambi y’iterambere.

74610cookie-checkNtacijana ku ba Star.
Previous articleUmurwi w’abaririmvyi ukoranye Imyaka 17 batavana
Next articleNgo naho mutamuhaye amashurwe yarayiguriye!