Home NEWS Ibihere (Punaise de lit)birateye umutima uhagaze abanyagihugu

Ibihere (Punaise de lit)birateye umutima uhagaze abanyagihugu

226
0

Mugihugu c´ubufaransa abaserukira abanyagihugu hamwe n´abajejwe amagara y´abantu baratewe umutima uhagaze n´irwirirana ry´ibihere mubibanza bitandukanye nko mu ma Bus ,train,mumavuriro, muma shure nahandi.

Nkuko vyandikwa kurubuga rwa X rwa France 24 , utwo dukoko twaheruka kwibonekeza kurugero rwo hejuru haraheze imyaka 50.

Ikibazo c´ibihere kikaba kiriko kiravurwa cane kurubuga rwa X aho hanashizwe ho hashtag #lespunaisesdelit.
Icokibazo kika caranabazijwe munama nshingamateka y´ubufaransa.

Bamwe bubaserukira abanyagihugu muri ico gihugu bamenyeshaka utwo dukoko tutacumva imiti bagasaba ko horonderwa uyundi muti wica utwo dukoko .
Benshi bagasabako kurwanya utwo dukoko vyokorwa kare imbere yuko amahahinwa mpuza makungu Jeux olympiques atangura.

71310cookie-checkIbihere (Punaise de lit)birateye umutima uhagaze abanyagihugu
Previous articleIshirahamwe ry´ubwishingizi UCAR ryahagaritswe
Next articleBurundi : Igisata c’umuyagankuba kigiye gutunganywa gushasha.