Home ENTERTAINMENT AMKENI

AMKENI

299
0

Imbere y’umutaga w’uyu wa 26 Mukakaro, umuririmvyi wo mu gihugu ca Tanzania Nay wa Mitego yashize ahabona indirimbo nshasha yitwa AMKENI. Iyo ndirimbo iriko ivugisha benshi bivanye n’uburemere bw’amajambo ayirimwo. Nay wa Mitego yubahutse gushir’ahabona ibitagenda neza mu ntwaro ya Samia Suluhu Hassan ndetse anagaragaza n’inkumbu abatanzaniya bafitiye uwahoze atwara ico gihugu John Pombe Magufuli.

Bimwe mu vyiyumviro biri mur’iyo ndirimbo ni:”Nchi inaongozwa kimagendo-Mama yenu anafuga wezi-John alikwenda mapema na kama ni kazi yako Mungu na haina makosa basi wachukue na hawa…”. Mu rurimi rw’ikirundi ni nkaho Nay yagiz’ati: Igihugu gitwawe kuri magendo-Umukuru w’igihugu ariko yirererakw’abanyonyezi-John Magufuli yagiye tukimukeneye; nimb’ariwewe Mana wamuhamagaye ugushaka kwawe kuranguke arik’ubikunze wohamagara n’aba!

Abakunzi b’umuziki wo mu karere ka Afrika y’ubuseruko batari bake barushirizaho kwemeza ko babicishije ku mbuga zitandukanye nka You Tube ko ibaririmvyi bo muri Afrika bari bakwiye kwubahuka bakerekana ibitagenda neza nk’uko Nay yama yavyubahutse.

Nayo Baba Levo, umuririmvyi wo muri Bongo Flavor, abicishije ku rubuga rwiwe rwa Facebook yibajije nimba BASATA (Ni nka CNC mu Burundi) igiye kwihanganira amajambo ya Nay wa Mitego atatinye kwifatira mu gahanga ubutegetsi bwa Samia Suluhu Hassan.

66030cookie-checkAMKENI
Previous articleMUSIC AUDIO : Mkombozi Lucifier ft Mutima Le Comedien – Ubumwe
Next articleKenya : Kidum aramesha igiteramo.