Home ENTERTAINMENT Abanywanyi ba groupe WhatsApp Indundi Sports Fans bahejeje guterera imifuko 40 y’isima...

Abanywanyi ba groupe WhatsApp Indundi Sports Fans bahejeje guterera imifuko 40 y’isima yo kwubaka ikibuga Intwari

477
0

Mukwitabira akamo ko kwitera iteka umukuru w’igihugu yahamagarira Abarundi n’Abatundikazi, mu kwubaka ikibuga kigezweho Intwari ,  groupe ya WhatsApp “Indundi Sports Fans ” bahejeje gutanga imifuko  40 y’isima yo mu bwoko bwa Dangote kuri uyu wa gatandatu 22 mukakaro 2023.

Kw’izina ry’uwo mugwi, Sébastien Havyarimana yamenyesheje ko kuba ari umurwi wa WhatsApp gusa, bitabujije ko biyumvira kugira ico bakoze c’iteka kw’iterambere ry’igihugu. “Mbere kubera ntitwazanye n’isima isanzwe, twazanye Dangote . Twashatse twereke n’abandi ko n’aho boba biyita bato , bashobora gukora ibikomeye “, niko Nkeshimana yabandanije avuga.

Gén.de Brigade Alexandre Muyenge arongoye ishirahamwe ry’umupira wamaguru mu Burundi FFB yakiriye iyo ntererano arashima agasaba n’abandi gufatira akarorero ku Ndundi Sports Fans . “Ibaye groupe WhatsApp ya mbere ishoboye gukora ico gikorwa,  turayikeje. Bimenyerewe ko ama groupes WhatsApp usanga ari ay’amajambo gusa ariko mweho mubaye akarorero mu bikorwa, muze mubandanye uko”, abandanya avuga Muyenge.

Nzohabonayo Radjabu “Bosingwa” , umumenyeshamakuru w’ IndundiTV akaba n’umwe mu bafashije mu kwegeranya uburyo , avuga ko bishimiye igikorwa bashitseko akabona ko ari iteka kuba bagize ico bakoze kuri iyo nyubakwa irindiranywe igishika n’abarundi muri rusangi, vy’umwihariko bakunzi b’inkino.

65680cookie-checkAbanywanyi ba groupe WhatsApp Indundi Sports Fans bahejeje guterera imifuko 40 y’isima yo kwubaka ikibuga Intwari
Previous articleChris NDIKUMANA umuyobozi wa KANGUKA kuri ETS KAMENGE  uyu munsi.
Next articleMUSIC AUDIO : Jogos Neglas – Ya Mbwa ( Remix )