Home ENTERTAINMENT Cardi B na Rema ku meza imwe basangira imfungurwa.

Cardi B na Rema ku meza imwe basangira imfungurwa.

111
0

Umuririmvyi wo muri Reta zunz’ubumwe za Amerika Cardi B hamwe n’umutambukanyi wiwe Offset bagaragaje akanyamuneza kadasanzawe basangira imfungurwa ku meza imwe n’umuririmvyi Rema wo muri Nigeria asanzwe akunzwe cane muri Africa no kw’isi hose.

Cardi B na Offset bahuriye na Rema i Paris mu gihugu c’ubufaransa mu birori vyo kumenyekanisha impuzu za Balenciaga.

Yandika ku rubuga rwiwe rwa Instagram kur’uyu wa 6 Mukakaro, Cardi B yamenyesheje ko ar’iteka ridasanzwe guhura no gusangira imfungurwa na Rema arushirizaho kuba rurangiranwa na cane cane bitewe n’indirimbo yiwe Calm down aheruka gusubiramwo (Remix) arikumwe na Selena Gomez, umuririmvyi wo muri Reta zunz’ubumwe za Amerika.

Cardi B asanzwe ar’umwe mu baririmvyi b’abakenyezi ba Rap bakomeye kw’isi aho zimwe mu ndirimbo ziwe zatumye yamamara harimwo iyitwa Press.

 

64450cookie-checkCardi B na Rema ku meza imwe basangira imfungurwa.
Previous articleUganda : Umuirimvyi  Chameleone arasaba ubufasha.
Next articleYaraye ahawe amasezerano yo gukina mu mugwi wo mu gihugu c’Urwanda.