Home ENTERTAINMENT Stamina na Fizzo bagiye kwatsa umuriro

Stamina na Fizzo bagiye kwatsa umuriro

250
0

Mu rugendo rwiwe mu gihugu c’uburundi, umuririmvyi wo mu gihugu ca Tanzania Stamina Shorwebwenzi
arishimiye cane ukugene yakiriwe n’abarundi.

Ku rubuga rwiwe rwa Facebook, Stamina yanditse kur’uyu wa 30 Ruheshi ashimira vy’imvamutima Saido Ntibazonkoza hamwe na Fizzo ku kugene bamwakiranye igishika ndetse bakanatuma yisanzura mu gisagara ca Bujumbura.

Uyo muririmvyi wa Hip hop ari mu batwara ibendere mu gihugu ca Tanzania anamenyesha ko abakunzi b’umuziki mu karere ka Afrika y’ubuseruko bokwitega vuba indirimbo yiwe na Fizzo.

Abatari bake rero barushirizaho kwerekana ko barindiranye igishika iyo ndirimbo ihuza ibihangange mu muziki wa Hip hop mu Burundi na Tanzania aho banagira bati:”Hagiye gusha hatokombere”.

Raba niyi video : Vurugu kwa DramaT kuwa na Account nyingi kwenye mitandando yakijami |Instagram & Facebook 

63750cookie-checkStamina na Fizzo bagiye kwatsa umuriro
Previous articleKenya : Kabuhariwe mugutwenza yashitse mugihugu ca Tanzania yambaye ikirato gitangaje.
Next articleVIDEO NDIMU OFFICIAL : Vurugu kwa DramaT kuwa na Account nyingi kwenye mitandando yakijami |Instagram & Facebook