Home ENTERTAINMENT Mu Rumonge umuziki ntiwitaweho bishemeye

Mu Rumonge umuziki ntiwitaweho bishemeye

260
0

Inzobere mu gutegura ibiteramo mu gisagara ca Rumonge Nshimumukoza Alexis benshi bita Fagason amenyesha ko umuziki wo mu Rumonge uhanzwe n’intambamyi zitari nke.

Fagason avugako abatari cuire mu bafise ibibanza vy’iratiro, ububare n’amahoteri bataratahura neza ivyerekeye gukorana n’abatunganya ibiteramo mu ntumbero yo kuzamura umuziki wo mu Rumonge ndetse n’ibibanza vyabo nyene bikana menyekana.

Fagason asigura benshi muri bo ubituye ushaka ko mwotegurana igiteramo bakwamirira kure canke bakagusaba amananiza, ibituma ibiteramo bimwe biburizwamwo canke bikanahomba kuko hatabaye gukorana neza kur’izo mpande zompi.

Atere akamo abanyamitahe n’abafise ibibanza vyoberamwo ibiteramo gutahura ko umuziki witaweho uri muvyotuma ingenzi zihurumbira igisagara ca Rumonge gutyo baba abaririmvyi, abadandaza n’abenegihugu muri rusangi bagahatorer’akoyoko.

Iyo nzobere mu gutegura ibiteramo mu gisagara ca Rumonge aranakebura abaririmvyi bo mu Rumonge guhagaciro ibiteramo baba batumiwemwo ngo kuko arivyo bibaduza mu muziki.

60900cookie-checkMu Rumonge umuziki ntiwitaweho bishemeye
Previous articleFilm : Rumonge Matata Season 2
Next articleMumasaha make agiye gushir’ahabona indirimbo nshansha