Umuryango niwe watumye Président wumugwi wa Les Crocos Fc yatanze imihoho.

Umuryango niwe watumye Président wumugwi wa Les Crocos Fc yatanze imihoho.

31 octobre 2022 0 Par KAMIKAZI

Ulimwengu Bigirimana yarasazwe arongoye umugwi w’umupira wa magururu Les Crocos Fc wo mu Ntara ya Rumonge yatanze imihoho ya kurungora uyu mugwi, ivyo bikaba vyagaragaye mw’ikete yandikiye buramatari w’intara ya Rumonge kuri uyu wa 31 gitugutu 2022.

Muriryo kete Ulimwengu akaba asigura ko afise ibikorwa agiye kwitangira vy’umwihariko vy’umuryango. Abona ko atofatanya ivyo bikorwa n’amabanga yo kurongora uwo murwi.

Tukwibutse ko Bigirimana Ulimwengu akaba yari yagenywe na Buramatari w’intara ya Rumonge kw’igenekerezo rya 28 Ruhuhuma 2022.

Les Crocos Fc ubu ukaba uri mu kibanza ca kabiri mu nkino z’icicaro ca kabiri mw’itsinda B.

Facebook Comments Box
38400cookie-checkUmuryango niwe watumye Président wumugwi wa Les Crocos Fc yatanze imihoho.