Home INKINO Umurwi wa FC Barcelona uri mukazi ko kwongerezwa amasezerano abakinyi bayo.

Umurwi wa FC Barcelona uri mukazi ko kwongerezwa amasezerano abakinyi bayo.

8
0

Umukinyi w’imbere Raphinha yagize umwaka mwiza w’inkino yongerejwe amasezerano yo gushika mumwaka wa 2028, Raphinha akaba yarafise amasezerano azomushikana muri 2027 bakaba bashatse kumwongerako umwaka umwe.

Undi unomusi utaja kurangira atongerejwe amasezerano n’umumenyereza Hansi Flick, Uno mugabo unomwaka yahaye FC Barcelona ibikombe bitatu vyose vyo mugihugu, bagiye kumwongera amasezerano y’umwaka 1 azoca ashikana mumwaka wa 2027.

Umuyobozi wa FC Barcelona Joan Laporta aheruka kumenyesha ko haruhande ya Hansi Flick na Raphinha bongerejwe amasezerano, harabandi bakinyi bagiye guha amasezerano barimwo Lamine Yamal niyakwiza imyaka 18 , hamwe n’umukinyi akina hagati Frankie Dejong.

78960cookie-checkUmurwi wa FC Barcelona uri mukazi ko kwongerezwa amasezerano abakinyi bayo.
Previous articleNatacha kw’isonga ry’abaririmvyi bakurikiranwa cane kuri FB na Insta.
Next articleReal Madrid igiye kugura uwundi mukinyi agira 3