Home ENTERTAINMENT Dj Fernando  Yerekanye ko Umuziki Umugirira Neza: Indirimbo “Kazima Imana Inkunda” Irimugukwiza...

Dj Fernando  Yerekanye ko Umuziki Umugirira Neza: Indirimbo “Kazima Imana Inkunda” Irimugukwiza Umiliyoni kuri YouTube.

5
0

Umuririmvyi w’umurundi Dj Fernando  yerekanye ko umuziki atari gusa impano, ariko ari n’umugambi ushobora kuvyara umwimbu w’amahera. Inyuma y’amezi 10 gusa asohoye indirimbo yiwe “Kazima Imana Inkunda”, iyo ndirimbo iri hafi gukwiza abarorerezi barenga 1,000,000 bayiravye ku rubuga YouTube.

Iyo ntsinzi yatumye agira ico avuga ku musaruro w’iyo ndirimbo, aho yaciye asangiza abamukurikirana ko iyo ndirimbo imaze kumwinjiriza amamiriyoni y’amafaranga. Mu kumenya agaciro k’umuhinyanyuzi yamufashije, Joell Houghton, Dj Fernando yaciye avuga ati:

“Joell Houghton Ndakuzaniye $1000. Twakoze akazi keza, umusaruro nguwo 🙌🏾. Ntihagire uwuzosubira kukwigereranya.”

Mu gusubiza gushimigwa, Joell nawe ntiyatevye gusubiza aho yagize ati:

“Ikintu cose uhaye agaciro, naco kiragukundira. Thank you Dj Fernando +257. Izindi none tuzisohore ryari? 🔥🔥🔥”

Dj Fernando nawe yaciye ashimangira ko hari iyindi ndirimbo nshasha bateguye, agira ati:

“Joell Houghton, iyindi Le 18/05 Atagihindutse 🔥🔥.”

Indirimbo “Kazima Imana Inkunda” yasamiranwe cane mu bihugu nka Rwanda , Burundi , USA , na India , bikerekana ko umuziki w’Abarundi ushobora kugera kure igihe uhuje ubuhinga, ubwitange, n’uburyo bwo kuwamamaza.

Uyu muvuduko w’umuziki wa Dj Fernando +257 n’intumbero afise bigaragaza ko ashobora kuba umwe mu baririmvyi bazokomeza gusohora ibihangange ku rwego mpuzamakungu.

M00

77990cookie-checkDj Fernando  Yerekanye ko Umuziki Umugirira Neza: Indirimbo “Kazima Imana Inkunda” Irimugukwiza Umiliyoni kuri YouTube.
Previous articleUEFA Champions league