Home ENTERTAINMENT Mkombozi agiye gufatanya Rap na Poritike?

Mkombozi agiye gufatanya Rap na Poritike?

129
0

Nzeyimana Thomas ari mubazohiganirwa ikibanza c,ubushingamateka .Mukombozi Lucifer nkuko yiyita yaratanze dosiye yiwe mu murwi CENI itako iremerwa. Uyo muririmvyi wa Fata imisaraba dusenge,yahisemwo kwitoza nkuwigenga.Yishura kubibazo vya EJOHEZA MEDIA Mkombozi yagize ati :”Mfise imigambi myiza yo kubogora uburundi n’abarundi bitokunda ko ncisha mu mugambwe”.

Kubwiwe ngo umugambwe urashobora kudaha amahirwe uwufise imigambi myiza mukutamushira imbere.

Ikindi yavuze ,ngo hari nabo imigambwe ishira imbere bafise imigambi myiza ariko bikagorana ingene bayishira mungiro kubera bahuye nabo yise “ABA OPPOSANT” bindani mu mugambwe.

Lucifer biragarara ko umugambi wiwe wakwinzira muri poritike atazosubira inyuma.Mumpera zino ndwi yagaraye ari munama yaberwa n’amatora yimirije .Munyuma yaho yahavuye yandika amajambo akurikira kuruhome rwiwe rwa fecebook agira ati:”Umugwi ceni wari wateguye inama ku bashingamateka bo muri kazoza hamwe n’abaserukira amadini, na sociéte civile dupanga uko amatora azogenda neza no kuyasabira agende neza adusige heza kandi adusigire abeza.

Nzeyimana nkuko amategeko abitegekanya kubitoza kugiti cabo ategerezwa kuronka ibice 40% vyabatoye muntara yose azoba yitojemwo kugira indoto ziwe zihinduke ukuri.Tumwipfurije kuroranirwa.

77630cookie-checkMkombozi agiye gufatanya Rap na Poritike?
Previous articleUbushinwa: Rutemikirere (Indege) yiruka buravyo.