Home ENTERTAINMENT USA : Sasha Obama arushirizaho gutangaza benshi

USA : Sasha Obama arushirizaho gutangaza benshi

346
0

Sasha Obama, Umwe mu bana babiri b’abakobwa b’uwahoze ari umukuruwigohugu ca Leta zunzubumwe za Amerika Barack Obama, arushirizaho kuvugish’abantu benshi kw’isi nzima inyuma yo kugaragara mw’ibarabara anywa itabi kandi atambaye ngo yikwize hose.

Amafoto yiwe amaze kugaragara kumbuga ngurukanabumenyi, abatari bake ntibatevye kuvugako uyo mwigeme w’icubahiro ariko arisuzuguza cane mu gihe abandi bo babifata nk’ibisanzwe na cane cane bafatiye kukugene atar’ubwambere uyo mwigeme agaragara atikwije mu nyambaro.

Mu gihe iyo nyifato ya Sasha Obama irushirizaho gutangaza benshi yamara ntayadukanye ubu kuko na se wiwe Barack Obama yigeze kumenyesha k’umukobwa wiwe anywa itabi ryinshi ku rugero rwo kumara imisogoto cumi ku musi.

68990cookie-checkUSA : Sasha Obama arushirizaho gutangaza benshi
Previous articleNatasha  azohiganwa muri Hiskool Award
Next articleTanzaniya : Uko bagaragara niko bategerezwa kuba bameze.