Home ENTERTAINMENT Tanzaniya : Uko bagaragara niko bategerezwa kuba bameze.

Tanzaniya : Uko bagaragara niko bategerezwa kuba bameze.

223
0

Bamwe mubatanguye gukwirikirana ibikorwa vya bamwe mubamenyesha makuru n’abakina amareresi mugihugu ca Tanzania bavugako hari abadasaza, bafatiye kukiringo bamaze bakora umyuga yabo.

Batanga Akarorero k’umumenyesha makuru millard Ayo  ngo ntasaza. Bakavuga n’umukinyi w’amareresi Elisabeth Michael  “Lulu” ko two mwuga awumazemwo ikiringo kinini batangazwa n’ukuntu adasaza. Abenshi bakipfuza kumenya Ico bakora kugira bagumane ubuto bafise.

Ikindi gitangaza abenegihugu b’aho nuko abakinyi b’amareresi: Patrick kanumba na Jennifer kanumba uko bashize ahabona amafoto y’abo bavuga ko banyarutse gukura, ibitandukanye n’uko bari bavyiteze bakibaza Kumbure batanguye uwo mwuga bakiri bato cank boba bariko babandanya ivyigwa.

Ikinyamakuru fahari media kibicishije kurubuga rwa Facebook,kimenyesha ko millard Ayo yatanguye umwuga wokumenyesha amakuru akiri muto,n’ubwo yarafise ijwi  ryumvikana kw’iradiyo ari rinini ugereranije n’ukuntu yangana,Ivyatumye  bamwe mubamwumviriza bagenda bamwihendako.

Nayo “Lulu” ngo yatanguye gukina amareresi akiri muto cane. Abakwirikirana ibikorwa vyiwe bibaza ko akuze.Ariko kumafoto akagaragara ko akiri muto ibitandukanye nivy bamwibazako.

Abo bompi,s’uko badasaza ahubwo batanguye kugaragaza impano Zabo bariki bato.Kandi s’uko bakura ningoga ahubwo ibikorwa vyabo ushobora kuba watanguye kubikwirikirana uteba.

69030cookie-checkTanzaniya : Uko bagaragara niko bategerezwa kuba bameze.
Previous articleUSA : Sasha Obama arushirizaho gutangaza benshi
Next articleCardi B ati:”Eminem niwe citegererezo canje”