Kuncuro yambere, muburyo bushasha ihiganwa ry’igikombe c’isi gihuza imirwi ryaraye ritanguye icese muri Leta zunze ubumwe za America.
Ihiganwa rizokinwa n’imirwi 32 iva mumigabane itandukanye yo muri America, Afrika , Asia, Oceania na Europe, imirwi itoranwa aba ari iyitwaye neza mumyaka 4 iheruka munkino zihuza umugabane.
Kugira bitagurike neza ninkakurya twumva Champions league muri Europe ,CAF Champions league muri Afrika, CAF Concacaf muri amerika y’epfo na Asian Champions league muri Asia imirwi yatwaye ayo mahiganwa muriyo myaka 4 hamwe n’iyitwaye neza cane muriyo myaka muri Champions league yo kumugabane kuko niwo utanga imirwi myinshi 12 niyo ica ironka ayo mahirwe yo kwitabira ico gikombe c’isi gihuza imirwi.
FIFA yagomye kuzana igikombe c’isi kuruhande rwama Clubs kuko twari tumenyereye hariho igikombe c’isi c’ibihugu gukinwa mumyaka 4 kuko niki c’imirwi kizohora gikinwa uko imyaka 4 iheze.
Urukino rwambere rw’uguruye ihiganwa rwabaye mubucagucagu bwo kuri uyu w’Imana.
FT: Ahli (Egypt) 0-0 Inter Miami (USA)
Umuwi utahukanye kino gikombe uronka miriyoni 40 zama dollars , mugihe mugice c’amatsinda iki batanguye gukina umurwi utsinze urukino uronka miriyoni 2 $ nayo uwunganije utwara umuriyoni 1$, uwutsinzwe agenda ukonyene, hano rero Al Ahli na Inter Miami zaronse umuriyoni riyoni wama dollar.
Niryo higanwa rigira 2 rikinwa mumupira w’amaguru kw’isi ririmwo amafaranga menshi kuko iryambere n’igikombe c’isi c’ibihugu uwugitwaye aronka ibahasha rya miriyoni 42$ zama dollars nayo iki c’imirwi uwugitahukanye nawe aronka miriyoni 40$, FIFA yagishizemwo inoti ndende.